BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsmusic

Edisson ngo nta Views zimutwaye kuri Youtube, ahubwo zizoba ari inyongera

Edisson ndayahoze ngo ikimujanye kuri Youtube s’ukurondera ama Views nkuko bamwe boba bavyibaza, ivyo uwo mumenyeshamakuru akaba abishikirije mu kiganiro yahaye imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiganiro, uwo mumenyeshamakuru yavuze ko urubuga Edisson Tv Show yarushinze mu ntumbero yo kugira ashikirize amakuru aryohoye y’ubuzima butandukanye bw’igihugu, naho yashimye guhera mu bijanye n’ukwidagadura.

Uwo mumenyeshamakuru yarasanzwe amenyerewe mu biganiro ku nsamirizi y’imicokama, yavuze ko yashimye kandi kuyitanguza kugira nawe atere iyindi ntambwe kuko atawokwama akorera abandi.

Muri ico kiyago n’imboneshakure Nyagira, Edisson yagarutse ku bokwibaza ko yoba yahawe amafaranga ngo atangure iyo Mboneshakure, aho yavuze ko gushika ubu atawe basangiye, ariko ngo uwoyazana ntiyoreka kuyakira.

Nayo ku kijanye n’akarangamutima k’ukukemenyeshamakuru, Edisson akaba yabwiye Nyagira ko atajanywe no kuri Youtube kwirengangiza ibindi ngo arondere ama Views, ahubwo ngo yipfuza gutanga amakuru atomoye, ama Views ngo azoba ari inyongera.

Uwo mumenyeshamakuru akaba atari uwa mbere kuko ama Webtv y’abamenyeshamakuru bakorera insamirizi  abandanya agwira. Iyizwi cane ni Umukubito ya Juste Gael yakoresheje kuva agikora ikiganiro Umukubito mu nsamirizi Colombe Fm, ubu akaba ageze muri Buja Fm.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 744