BurundiEducationhomepagekirundi

Education : Abanyeshure bane babaye aba mbere barahawe agashirukabute

Kuri uyu wa mbere waraye uheze, igenekerezo rya 7 Nyakanga umwaka w’2020, umushikiranganji w’indero Gaspard Banyankimbona yari yaramutse yugurura icese umwaka w’ishure w’2020 ushira uw’2021 hamwe n’isekeza “gusubira kw’ishure”, ivyo birori bikaba vyabereye kw’ishure ry’akarorero ryo mu Rusengo mu ntara ya Ruyigi.

Mu ntumbero yo gutera intege abana baciye ubwenge, abanyeshure bane ba mbere baronse amanota meza mu kibazo ca Reta cakozwe muri uyu mwaka urangiye bahawe agashirukabute n’ikigo Imprimerie HOPE Design, aho umunyeshure wa mbere yaronse ibahasha rigizwe n’amafaranga angana n’umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana ane (1.400.000Fbu), uwa kabiri ahabwa ibahasha ririmwo amafanga angana n’umuriyoni umwe hamwe n’ibihumbi amajana abiri (1.200.000Fbu) nayo uwa gatatu hamwe n’uwa kane bahabwa umuriyoni umwumwe (1.000.000Fbu).

Umushikiranganji Gaspard Banyankimbona yaboneyeho kumenyesha kandi ko ku banyeshure bipfuza kuja mu mashure y’myuga ko ibigo bigera kuri bitanu bigiye kwugururwa mu ntara zitanu nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764