BurundiEducationhomepagekirundi

Education: Atagikozwe, ibintu ngo birashobora kumera nabi muri Kaminuza y’Uburundi

Umushikiranganji w’indero, inyigisho za Kaminuza n’ubushakashatsi afise amakenga ko mu gihe atacohindurwa ibintu bishobora kuyangara muri Kaminuza y’Uburundi.

Nk’uko bibonekera mu rwandiko aheruka kwandikira umushikiranganji wa mbere, umushikiranganji w’indero Gaspard Banyankimbona avuga ko atewe umutima uhagaze n’inkurikizi mbi zishobora kwibonekeza inyuma y’ingingo yo guhagarika agafashanyo gahabwa abakozi b’abakukuruke bo muri Kaminuza y’Uburundi.

Banyankimbona avuga ko hashobora kwaduka umwanya uwariwo wose inkurikizi zikurikira :

1. Ukugenda kw’abigisha mu ma kaminuza y’abigenga canke yo mu karere hoho bafatwa neza.

2. Guhagarika inyigisho z’ishure zijanye na “Master” hamwe na “doctorat” kubera ikena ry’abigisha ;

3. Yegereyegere ishobora kwaduka umwanya n’umwanya ;

4. Abakozi ba kaminuza (assistants) bashobora kuja kwiga hanze y’igihugu bakigumirayo , nibindi.

Muri urwo rwandiko nyene, umushikiranganji Banyankimbona asaba umushikiranganji wa mbere gukurikiranira hafi iyo ngingo yafashwe, mbere inahagarikwe. Umukuru w’igihugu hamwe n’icegera ciwe nabo nyene yarabarungikiye ikopi y’urwo rwandiko, abasaba nabo nyene ko bofata mu minwe ico kibazo.

Ivyo vyose biriko biba mu gihe umwaka wa kaminuza wari wimirije gutangura mu kwezi kuza kwa Munyonyo 2020 nk’uko biri muri urwo rwandiko nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764