BurundiEducationhomepagekirundi

Education : Bazindutse bugariza ishure

Credit picture @RadioIsanganiro

Abavyeyi barereye kw’ishure ryitiriwe inyenyeri riri i Maramvya muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, bazindutse kuri uyu wa gatanu bugariza iryo shure.

Abo bavyeyi barereye kuri iryo shure basaba ko amahera y’ishure yavuye ku bihumbi mirongo icenda agashirwa ku bihumbi ijana na cumi vyohagarara kuko bavuga ko vyabaye batagishijwe inama.

Umuyobozi w’iryo shure we avuga ko ivyakozwe vyaciye mu kwumvikana n’abavyeyi kandi ko amategeko yubahirijwe. Jean Marie Vianney Niyomwungere asaba abavyeyi kwubahiriza ivyo bavuganye mu manama yabaye.

Ivyo biri uko mu gihe, mw’ikete ry’umushiranganji w’indero yandikiye komite y’abavyeyi, ku wa 24 Munyonyo uwu mwaka, yari yamenyesheje ko kuduza ayo mafaranga y’ishure vyotangurana n’umwaka w’ishure uza.

Inkomoko : Radio Isanganiro

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764