BurundiEducationhomepagekirundiyouth

Education : Birabujijwe kwiga incuro 3 mw’ishure rimwe

Gaspard Banyankimbona, umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi

Kirazira kikaziririzwa ko umunyeshure yiga mu mashure y’intango ko ashobora kwiga incuro zitatu mw’ishure rimwe (triplement), kiretse hari insiguro ziboneka ziheza zigahurizwako n’abajejwe iryo shure bose (jury).

Ivyo ni ibiri mw’itangazo ubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi bwaraye busohoye kuri uyu wa 28 Nyakanga umwaka w’2020, bumenyesha abanyeshure, abavyeyi n’abarezi ko guhera ubu bibujijwe gusubiramwo umwaka w’ishure incuro zirenga zibiri kiretse mu gihe Jury yavyemeranijeko mu mpera z’umwaka.

N’aho nyene bishitse umunyeshure akemererwa gusubiramwo umwaka w’ishure incuro igira gatatu, ngo bizokwandikwako kuri Bulletin kandi ngo si bose bavyemerewe. Uwuzodubura incuro zibiri, kuya gatatu azoca arungikwa mu mashure yigisha imyuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765