BurundiEducationhomepagekirundi

Education: Urwaruka ruzoba rwahejeje inyigisho ngo ruzoshobora kuronka akazi no mu bindi bihugu

Abashingamateka bakoraniye kuri uyu wa kane mu ngoro yabo mu kigobe aho bari baramutse biga integuro isubiramwo itegeko rigenga inyigisho za Kaminuza.

Igihe yariko arasigura iryo tegeko, umushikiranganji w’indero Gaspard Banyankimbona yamenyesheje abashingamateka bari aho ko iryo subirwamwo ry’itegeko rifasha gutunganya neza inyigisho za kaminuza, kunganisha ubumenyi mu karere Uburundi burimwo bikanatuma urwaruka ruhejeje izo nyigisho ruronka akazi mu bindi bihugu.

Gaspard Banyankimbona avuga kandi ko vyibonekeje ko hari utunenge dukwiye gukosorwa mu bijanye n’abanyeshure bakora akazi ko kurangiza ivyigwa bimenyereza akazi. Aho avuga ko ubushikiranganji bwasanze bataronswa inyigisho zikwiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764