homepagekirundisocieteWorld News

Egiputa : Abahambwe, haraciye imyaka irenga 2000, basanze batarabora

Igihugu ca Egiputa cerekanye ku mugaragaro amasandugu 59 aherutse kubonwa bushasha mu bumanuko bwa Kayiro, umurwa mukuru w’ico gihugu, bikaba bivugwa ko ayo masadugu naho akozwe mu biti yoba amaze imyaka yababa 2500.

Ayo masandugu bivugwako yoba yahambwemwo abapadiri bakomakomeye bo muri ico gihugu.

Imwe yo nyene niyo imaze kwugururwa, ikaba yasanzwemwo umubiri w’umuntu yari yashinguwemwo ku buryo adashoka abora.

Amakuru ava muri ico gihugu akamenyesha ko hagiye kuzoca hategurwa kwugururwa izo zindi zisigaye, kugira ngo hamenyekane abayashinguwemwo, banabandanye kugira ubushakashatsi kugira bamenye ibanga bakoresha kugira abo bahambwe muri ayo masandugu ntibashobore kubora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756