footballhomepageIbiyovyabwengekirundi_SportsYvan muziki

Eliminatoire CHAN 2020: Uburundi buzohura na Kenya

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 30 Nzero umwaka wa 2019 ishirahamwe ry’ umupira w’amaguru muri Africa CAF niho ryashira ahabona uko imigwi izohura mu nkino zo kurondera itike rya CHAN 2020 zizobera mu gihugu ca Ethiopia izo nkino zikazotangura mu kwezi kwa ndamukiza(04)umwaka wa 2019.

Uburundi bukazohura na Kenya , urukino rwambere rukazobera i Nairobi igenekerezo rya 19 na 20 Rusama umwaka wa 2019 mu gihe urwo gusubiriza ruzoba hagati y’amagenekerezo ya 10 na 12 Ruheshi umwaka wa 2019 .

Mukamenya ko izo nkino zemerewe gukina abakinyi abakina mu mahiganwa y’ibihugu vyabo .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846