homepageIKIRUNDI_newskirundi

Elon Musk ateje uruhagarara kubera Cocaine

Elon Musk asubiye Kandi guteza uruhagarara ku rubuga rwa Twitter, Inyuma y’ugushiramwo imitahe, noneho akanerekana ubushake bwo kuyigura.

Muri Twitter aheruka gukora mu ndwi twaraye turangije, uwo munyamafaranga akomeye kw’isi, yavuze ko yipfuza kugura ikinyobwa CA COCA COLA.

Ico kinyobwa ngo ntashaka kukigura gusa bisanzwe, ahubwo ngo yipfuza no gusubizamwo kimwe mu vyari bigize Ico kinyobwa ariko cakuwemwo, ico Nico ni Cocaine.

Mu mwaka wa 1903 niho ico giterwa cakurwa muri ico kinyobwa, kuko imbere yaho hahora harimwo amababi atatu y’igitera ca COCA gisanzwe gihingurwamwo ico kiyayuramutwe citwa Cocaine.

Mu babashije kugira ico bashikiriza muma Commentaire kuri urwo rubuga rwa Twitter kuri iyo Post yakoze, hakaba hari n’abariki bamusaba kudakinisha ico yashikirije ahubwo agashitsa ivyo yemeye vyo gusubizamwo ayo mababi.

Elon Musk umunya Afrika afise amamuko muri Afrika y’epfo, ariko afise ubwenegihugu bwa Amerika na Canada, akaba ariwe ashaka kugura Twitter ku mafaranga angana n’imiliyaridi 40 z’ama dollars ya Amerika. Akaba gushika ubu ariwe aharurwa nk’umuntu wa mbere kw’isi atunze cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755