Entertainmenthomepagekirundi

Emelance Emy ngo ari mu myiteguro

Mu gihe yaheruka muri Maroco mu bikorwa vy’uguserukira igihugu, umuririmvyikazi Emelance Emy ngo yoba ariko arategura ikindi gikorwa gishasha, naho aravuga icaroco.

Emelance Emy ngo ari mu gikoni muri ino misi, hari igikorwa ariko arategura, nkuko vyabonetse ku rubuga rwiwe rwa Whatsapp nkuko amakuru twaronse abivuga.

Uwo muririmvyikazi asanzwe yisumamwo mu Rwanda ariko muri ino misi abarizwa i Bujumbura, yerekanye amashusho aho aboneka ari muri Studio, ahandi akaboneka ariko yogira neza.
Ntiharamenyekana ko ariko ategura amasanamu y’indirimbo nshasha, canke nimba ariko arategura amasanamu y’imwe mu ndirimbo ziwe yari asanzwe yarasohoye.
Uwo muririmvyikazi ari no mu bazoboneka mu ndirimbo abagore b’abaririmvyikazi bazosohora, aho izoba ijanye n’umusi mpuzamakungu wabahariwe.
Emelance Emy akaba Kandi anaheruka muri Morocco aho yari yitavye Festival yari yatumiwemwo muri ico gihugu.
Ubu rero bikaba bikiri mu gipfungu cinshi cane ngo hamenyekane ico uwo muririmvyikazi ariko ategurira abafana biwe.
Imbere y’iyo ariko arategura akaba aheruka gusohora amasanamu y’indirimbo yiwe yari nshasha ico gihe ikaba yahawe akazina k’urugendo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769