AgricultureEnvironnementhomepagekirundi

Environnement : Reta y’Uburundi yaronkejwe ibikoresho bikanyisha bifise agaciro k’amadorari 66 763

Ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije bwaronse kuri uno wa kabiri ibikoresho vyo kurwanya imyuka mibi ibangamira igisenge buhawe n’ikigo Ozone, ibikoresho bifise agaciro k’amafaranga y’amanyamerika ibihumbi mirongo itandatu na bitandatu n’amana indwi na mirongo itandatu n’atatu (66 763 dollars).

Ivyo bikoresho Reta y’Uburundi yaronkejwe ikaba yaciye ibishikiriza ababigenewe bikazofasha kandi mu nyigisho z’abantu batandukanye vyongere bifashe namashure atanga ubumenyi ku banyeshure bujanye n’ikoreshwa ry’ivyo vyuma bikanyisha.

Abaronkejwe ivyo bikoresho basabwe kubibungabunga kuko bizoguma ari ivya Reta basabwa kandi kubikoresha bakurikije amategeko ajanye no gukingira igisenge no guhangana n’ihindagurika ry’ibihe na canecane bakurikije ubuhinga bukoreshwa ku bikoresho bikanyisha biri mu Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756