Burundicultureculture_promotehomepagekirundi

Ezechiel Nibigira: “Ubumenyi budashingiye ku mico, ntaho bwoshikana umuntu”

Kuri uwu wa 11 Ntwarante 2021 mu nyubakwa z’ikigo ca kaminuza y’Uburundi hahimbajwe ku ncuro ya gatatu umunsi mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire usanzwe uhimbazwa ku wa 21 Ruhuhuma ukwo umwaka utashe kuva mu mwaka w’2000. Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka n’umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi, umushikiranganji ajejwe imigabo n’imigambi y’iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afirika y’ubuseruko, urwaruka inkino n’imico kama, bitunganijwe n’ishure kaminuza ry’Uburundi ryifadikanije n’ikigo CEBULAC

Ubumenyi budashingiye ku mico nta ho bwoheza ngo bugeze umuntu. Umuco na wo nta handi userurirwa atari mu rurimi kavukire. Ururimi kavukire rurakwiye guterwa iteka nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji Ezechiel Nibigira mu vyo ajejwe harimwo imico kama. Uyu avuga ko, kubera ko ururimi kama ari kirumara mu gihugu, kandi rukaba rwari rumeze nk’urwirengagizwa, ubu batanguye kuruha ikibanza rukwiriye bahereye hejuru. Inama zose ziba ku rwego rw’iguhugu ziba mu kirundi kandi no mu nama nshikiranganji zitiga ibijanye n’ubuhinga zikorwa mu rurimi kavukire.

Ariko kandi uyu mushikiranganji, aranegura amashengero amwamwe aho avuga ko mu matohoza bagize mu gisagara ca Bujumbura na Gitega basanze ibice birenga 80% vy’indirimbo ziririmbwa ziba ziri mu ndimi mva mahanga, ariko iz’ikirundi ugasanga zifise ibice 20%, agatera akamo abakuru bayo madini kwikubita agashi.

Nibigira asaba kandi ko ikirundi covugwa mu miryango, mu mashure, gutyo akaranga ko kuvuga ururimi rumwe rwo soko ry’iterambere gatsimbatare gushika no ku kubana bazogenda baravuka.

Yerekana ko ikirundi gikwiye gufata iya mbere mu Burundi, Gaspard Banyankimbona umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi, ahera ku kwerekana ibigeramiye ururimi rw’ikirundi. Agira ati:”Abantu benshi usanga batakizi gusoma ikirundi. Hageze mu nyandiko ho biba akamaramaza.” Ku bw’ivyo uyo mushikiranganji amenyesha ko hashizweho urwego nshingwakirundi, aho kaminuza Rumuri ho harimwo n’abigisha bashakashatsi ariyo izogira uruhara runini muri urwo rwego, gutyo ikirundi ciza kinagurwe mbere gitsimbatazwe mu gihugu cose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766