BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Facebook ya Kigingi yasubiye kubonekako amashusho y’urukozasoni

Ba Bantu bafata urubuga rwa Facebook rwa Kigingi, bakaza bashirako amashusho Atari meza bagamije kwironkera abagendera imbuga zabo canke iz’ab’abantu baba bariko bamenyekanisha basubiriye Kandi gushirako amashusho y’ibishegu kuri urwo rubuga rwiwe.

Ivyo Ni mu gihe bari bagize imisi basa n’abatanze agahengwe, bamwe tukaba twari twibajije ko ashobora kuba yari yamaze kubitorera umuti kuko Aho aheruka kuganira na Siren Vibe yari yamenyesheje ko ariko arondera uwomufasha kuyikura mu minwe y’abo bagizi ba nabi.

Igituma bamwe twari twibajije ivyo nuko urwo rubuga yaragize igihe arukoresha mu kumenyekanisha bimwe mu bidandazwa bitandukanye nkuko asanzwe abikora.

Ivyo bikaba bitashikiye we gusa, kuko abandi nka kabizi co kimwe n’umuhinyanyuzi w’amareresi Joel Jobel bashikiwe n’ako kaje karamana.

umwe muribo ariwe Joel Jobel akaba yatumenyesheje ko we urubuga rwiwe barumutwaye burundu, kuko atagishoboye gushirako ikintu na kimwe kuri urwo rubuga rwiwe. Urwo batwaye rukaba ari urwari rwitwa Ishusho Media.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775