Burundihomepagekirundi

Fertile Soil Global na Berry Exchange bagarukiye Abatama n’abatamakazi

Abatama n’abatamakazi bageze mu zabukuru baraye bagendewe .

Hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 ruhuhuma 2023 , aho ishirahamwe ryo gufasha abantu batandukanye batishoboye ryitwa Fertile Soil Global ryifadikanije na Berry Exchange ryaraye rigendeye abatama n’abatamakazi bageze mu zabukuru bo mu kigo ca Bene Mukama kiri mu gisagara ca Bujumbura .

Intumbero nya mukuru yatumye iryo shirahamwe rigendera ico kigo ni ukwitabira akamo katewe n’Umukuru w’igihugu ko kuvuga ko umunwa wose uronke ico upfungura.

Iryo shirahamwe rero ryaraye rigarukiye kuri abo batama n’abatakazi mu kubashira ivyo gupfungura nk’umuceri , ibiharage , Pampers , isukari n’ibindi …

Michel Hatungimana arongoye iryo shirahamwe muri Africa yepfo akaba ari nawe yuguruje iryo shirahamwe mu gihugu c’Uburundi , avuga ko bategekanya kwuguruza ayandi mashami mu gihugu cose mbere no mu mezi makeyi bazokwuguruza ibiro bikuru vyo muri kano karere ka EAC mu Burundi .

Mwomenya ko iryo shirahamwe rya FS Global risanzwe rikomoka mu gihigu c’Ubwongereza ( United Kingdom Royaume Uni) .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764