homepage

Abahagarikizi 2 bahagaritswe vy’agateganyo

Igisata c’abahagarikizi mw’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi , cahanye Abahagarikizi babiri basanzwe bahagarikira inkino za Primus League.

Ivyo bikaba vyemejwe na Murengerantwari Evariste arongoye igisata c’abahagarikizi mw’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru , ivyo akaba yabivugiye mu kiganiro c’inkino Radio Indundi Sports gica kuri Radio Indundi Culture co kuri uyu wa kane Igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2024 .

Abagarikizi babiri bahagaritswe vy’agateganyo nabo ni Akeza Florent yahagarikiye urukino rw’indwi ya 18 Igenekerezo rya 27 Nzero 2024 rwabereye mu Ruyigi rwahuje Tigre Noir hamwe na Rukinzo aho uwo muhagarikizi yanse ibitsindo 2 vy’umugwi wa Rukinzo kandi arivyo , mugihe uwundi ni Nduwayo Abdoul Karim yahagarikiye urukino rw’indwi ya 17 rwahuje rwa Primus League rwahuje umugwi Rukinzo hamwe na Bs Dynamic Igenekerezo rya 23 Nzero 2024 i Buganda mu Cibitoke .

Mwomenyako hamaze imisi hariko hidogerwa cane Abahagarikizi bahagarikira inkino za Primus League .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 668