homepage

Uburundi bwatakaje ikibanza kimwe mu rutonde rwa FIFA

Umugwi Nserukira gihugu Intamba mu rugamba wakorotse ikibanza kimwe mu rutonde rwa FIFA rugaruka buri ukwezi.

Uburundi bukaba bwavuye mu kibanza ca ca 139 buja mu kibanza ca 140.

Inyuma ya CAN naho twasanze igihugu nkica Côté d’ivoire catwaye ico gikombe cungutse ibibanza 10, mugihe Nigeria yafashe ikibanza ca kabiri yungutse ibibanza 14.

Ibihugu bitanu vyambere ku mugabane wa Africa navyo ni :

– Maroc bari mu kibanza ca 12 kw’Isi yose
– ⁠ Sénégal bafata ikibanza ca 17 kw’isi yose
– ⁠Nigeria ikibanza ca 28 kw’isi yose
– ⁠Egypt mu kibanza ca 36 kw’isi
– Côte d’Ivoire mu kibanza ca 39 kw’isi yose

Ibihugu vyo muri kano karere navyo nka RDC iri mu kibanza ca 63, Ouganda mu kibanza ca 92 , Kenya mu kibanza ca 111, Tanzania mu kibanza ca 119, Urwanda mu kibanza ca 133.

Mwomenyako ibihugu bifata ibibanza vya mbere kw’Isi ni Argentine , Ubufaransa , Angleterre, Belgique hamwe na Brazil.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 668