Agriculturehomepage

Mutimbuzi: Bamwe mu barimyi b’itomati basa n’abadebukiwe

Bamwe mu barimyi b’itomate bo k’umutumba wa Nyabunyegeri muri zone Rubirizi muri komine Mutimbuzi y’intara ya Bujumbura basaba ko igiciro c’imiti yo gupompa hanyuma hagaheza hagakorwa n’ubushakashatsi kugira haboneke ubwoko bw’itomati burinda indwara.Abo barimyi bavuga ko ukuzimba kw’itomate kwibonekeza ku masoko muri kino gihe kwoba gufitaniye isano n’ukudebukirwa kwa bamwe mu barimyi barimyi.

Abo barimyi b’itomati bo k’umutumba wa Nyabunyegeri bemeza ko kurima itomati bitoroshe muri kino gihe aho bemeza imbuto z’itomati zizimvye muri kino gihe.Aho berekana koi kilo kimwe gishobora gushika ku mafaranaga ibihumbi 3 mu mafaranga y’amarundi canke arenga.

Ikindi abo barimyi bavuga n’uko n’ifumbire yazimvye cokimwe n’imitsi yokuzipompa Bakongera bagashikiriza ko kindi gica inkokora abo barimyi n’uko muri kino gihe amazi ava mu misozi atera imirima yabo bigatuma uwarimye arimarima.

Bamwe mbere muri abo barimyi bakavuga ko ukuzimba kw’itomati kwibonekeza ubu ku masoko kwoba kwatewe n’uko bamwe mu barimyi badebukiwe , bagasanga icihuta aruko igiciro c’imiti yo gupompa cogabanuka ,inkombe z’inzuzi zigakingirwa hanyuma hagaheza hagakorwa ubushakashatsi kugira haboneke ubwoko bw’imbuto z’itomati zirinda indwara .

N’ubwo biruko abarimyi bo kumutumba Nyabunyegeri barashima ko abapfundi b’indimo bagerageza kubaba hafi mukubabwira inyifato bogira kugira bashobore kubandanya barima .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669