homepagekirundi

Fortran Bigirimana yavuze vyinshi mu kiganiro yahaye insamirizi yo mu Bufaransa

Fortran Bigiriana yavugiye vyinshi bijanye n’urukurikirane c’est ma Saison ku nsamirizi yo mu gihugu c’Ubufaransa, ariko anagaruka cane ku mashusho y’indirimbo zarwo.

Igituma yashimye ubutumwa c’est ma saison mu rukurikirane rwiwe rugira kane, n’uko ari ubutumwa bukomeye kuriwe co kimwe n’uwundi muntu wese, kuko bishika ukaba uri mu bihe bidahumuriza, ariko kandi ngo nkuko ibihe bihinduka, n’Imana nayo iba ifise ibihe vyiza ku mwana wayo.

Amasanamu y’indirimbo c’est ma Saison ngo n’intango y’izindi zitari nke ziri inyuma, ariko ngo yashimye kubanza kwanza gukorera ku ndirimbo yitiriwe urukurikirane rwiwe rugira 4.

Ivyo Bigirimana akaba aheruka kubiyagira mu kiganiro yagiranye n’insamirizi yo ku mugabane wa buraya neza neza mu bufaransa. Aho akaba yavuze ko amasanamu azokurikira yipfuza gukora ay’indirimbo “Un jour dans tes Parvis” iyo nayo ngo ikaba ari imwe mu zimushika ku nyota.

Iyo ndirimbo ya Fortran Bigirimana, hampande y’ukuboneka ku rubuga rwiwe rwa Youtube, ibandanya kuboneka ku mbuga ngurukanabumenyi z’ibinyamakuru mpuzamakungu, co kimwe n’imboneshakure zubashwe cane kw’isi nka Trace Gospel

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755