Entertainmenthomepagekirundipromotedyouth

Foundation Satura niryo zina Sat-B yipfuza ko ryoherekeza kino gikorwa agiye gutanguza

Mu rugendo rwiwe yakoze mu ntara ya Bubanza ari kumwe n’uwusanzwe arongoye Kazoza Plus, ni Sat-B yakiranywe urweze n’abanyeshure biga muri Kwizera Trade School ndetse n’abari bateramiye muri ico kigo ca Kwizera Academy.

Kuri uyu wa 18 z’uku kwezi kwa Kigarama uyu mwaka wa 2019 Sat-B ari kumwe n’uwusanzwe ari nyene Kwizera Academy bari bagendeye ico kigo nyene ndetse bari baramutse bifadikanya n’abo bana nyene m’uguhimbaza umusi mukuru wa Noël ico bari bise Noël pour les Enfants.

Sat-B we akagira ati:
Ndanezerwa cane iyo ndiko ndabona abantu na canecane abatishoboye bariko barakora ikintu bumva ko kizobashikana kuri ejo heza, kubw’ivyo ndumva mfise umunezero kuba nasangiye umunezero n’urwaruka kandi bikanyereka ko umwe wese aba afise indoto nk’uko nanje ivyo ndiko ndabamwo canke ico nakoze ari zimwe mu ndoto namye mfise muri 2010 ndetse ndanabiririmba mu ndirimbo INKURU Y’UKURI ugiye kuraba aho navuye nico kimwe n’abo bana ejo bashobora kuzoba ba Sat-B, abategetsi kanaka, abashikiranganji canke kuba abandi bantu bakomakomeye nk’umukuru w’igihugu n’ibindi. Kubw’ivyo umutima ni mwiza ndetse mboneyeho akaryo ko gushimira Foundation Kwizera Academy twafashanije ico gikorwa”

Sat-B yabandanije atuyagira agira ati:
Muvyatumye mba Sat-B n’uko namye mfise umutima wokuba hafi abatishoboye no gusangira n’abo umunezero aho ubona ko icivugo cari UMUSI WAMPAYE UZE UMUHE N’URYA ADAFISE, mbere mu misi ya vuba hoho tuzogerageza gushiraho Foundation Satura mu ntumbero yo gufasha abana batishoboye b’impfuvyi”.

Tukabibutsa ko ivyo bibaye inyuma ya Best Life Music basanzwe bafise urugendo batanguje rwo kugendera ibingo bireze abana batagira gifasha inyuma y’urugendo rwabaye kuri iyo misore igize umurwi Best Life Music rwabereye mu kigo gisanzwe gikorera muri zone ya Kanyosha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770