homepagekirundi_Sports

Fracesco Fariori ngo Youssouf Ndayishimiye ni umukinyi w’igitangaza

Umumenyereza w’umugwi wa OGC Nice ukinamwo Youssouf Ndayishimiye, yagize ico ashikiriza kuri uwo mukinyi .

Hari kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 22 nyakanga 2023 isaha zitatu z’ijoro ( 21h00), aho umugwi OGC Nice wari wakiriwe na As Monaco mu rukino rw’indwi igira 6 rw’ihiganwa ryo mu cicaro cambere mu gihugu c’ubufaransa ( Ligue 1). Urwo rukino rwarangiye OGC Nice itsinze bitayoroheye As Monaco igitsindo 1-0.

Ico gitsindo cinjijwe mu mpera z’urukino ku munota wa 91 w’urukino na Jeremie Boga, bica birangira OGC Nice itsinze As Monaco .

Inyuma y’urwo rukino imigwi yose yaciye itanga ibiganiro ku bamenyeshamakuru, aho umumenyereza wa OGC Nice Fracesco Fariori yabajijwe ikibazo c’uko yoba yoba yari asanzwe azi Ndayishimiye Youssouf.

Umumenyeshamakuru :

Ndayishimiye Youssouf yakinye urukino rwiza cane. Wari usanzwe umuzi igihe washika muri OGC Nice? Yoba yagutanganje? Francisco Fariori: Ego ndamuzi.
Twarahuye incuro nyinshi igihe nahora menyereza Antalyaspor yo muri Turquie , nawe akinira umugwi Instabul Basaksehir. Nari ndamuzi nk’umukinyi w’umukeba duhanganye.
Narinzi ico ashoboye guhindura kuko umusi umwe twari tumaze guhusha uburyo bwinshi kandi dusatira cane Basaksehir, ariko Youssouf yinjiye agaca ahindura urukino ‘’.
Fancisco Fariori asubira kandi akavuga y’uko Youssouf Ndayishimiye ari umukinyi ashobora gukosora ivyagoranye mu rukino.

Akaba yagize ati: ‘’ Ni umukinyi ashobora gukosora ivyagoranye mu rukino. Uyu munsi nk’umumenyereza wiwe bituma ndamumenya gusumba ‘’.

Farori asubira kandi ati:’’ Novuga ko yantangaje kubera atahura yihuse imikenyuro, agashobora kwakira kandi agakurikiza amategeko yahawe. Afise ubwenge n’ubuhinga mu gukina umupira, kandi ashobora gukina ibibanza vyinshi mu kibuga haba inyuma nka myugariro , hagati mu kibuga no ku ruhande, kandi no ku numero zibiri agatanga umusaruro mwiza .

Mwomenya ko Youssouf Ndayishimiye yaraye aronse ibiharuro vyiza cane mu rukino rwaraye ruhuje As Monaco hamwe na OGC Nice .

ibiharuro ni ibi :

Yakinye iminota 90, nayo mu mapasi 53 yatanze ayashika kuri 46 yashitse neza cane, abona guhabwa ibice 87%. Yaronse uburyo bumwe bwoshobora kuvamwo igitsindo ( umutwe yateye umupira ukupita ku mwamba). Yagize ikorosi rimwe ( 1/1), yaka abo bahanganye imipira ishika kuri 8. Ibice 57% yatsinze uwo bari bahanganye incuro 4 kuri 7, akorerwa ikosa rimwe gusa .

Umgwi wa OGC Nice waciye ufata ikibanza ca mbere inyuma yo gutsinda As Monaco .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807