AgricultureBurundihomepage

Rukaramu:Abarimyi b’umuceri barahomvye

Bamwe mubarimyi b’igiterwa cumuceri bo muri zone Rukaramu komine Mutimbuzi muntara ya Bujumbura bavuga ko bahomvye k’urugero rurenze mwirima riheruka ( saison culturale B).

Abo barimyi basigura ko urwo ruhombp rwavuye kungwara yateye ico giterwa kigasa n’ibara ry’umuhondo canke ritukura munyuma kikuma.

 

Mugihe muri iryo rima habonetse umwimbu w’ama toni 60 nayo murindi rima ry’imbere yaho zari itonnes 103, abo barimyi bavuga ko bugarijwe n’ubukene batabona uko bagiye kubeshaho imiryango yabo.

Bagasaba ababijejwe kugarukira igiterwa c’umuceri kuneza y’igihugu.

Uwuserukira ishirahamwe rikorera mukiyaya c’imbo muguteza imbere igiterwa cumuceri SRDI, Charles Bigirindavyi yemeza ko ico giterwa catewe n’ingwara yitwa panachile jaune, Uyo araba uburimyi bw’ico giterwa avuga ko hageragejwe imiti kuri ico giterwa mugabo atacahindutse akamenyesha ariko ko mukurindira ko batangura gutera umuceri mukwezi kwa Nzero kumwaka uza, abarimyi baba bararima ibiterwa mbumba rugo kugira barabe ko iyo ngwara yohera murico gice co mukiyaya c’imbo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 703