Burundihomepagekirundi

Gasape SN igiye kuboneka kuri iPhone

Abakoresha n’abipfuza gukoresha urubuga rwa Gasape SN basanzwe bafise uduhamagazo turi mu bwoko bwa IPhone, nabo ngo bagiye gushikirwa.

Nkuko urupapuro rwo kumenyesha iyo nkuru twabonye ruvyerekana, ngo urwo rubuga rugiye gusohora application ya GASAPE SN mu bakoresha urwo rubuga bafise ubwo bwoko bw’uduhamagazo.

Ubwo butumwa ntibwamenyesheje ryari neza neza abo bakoresha ubwo bwoko bw’uduhamagazo bazohabwa iyo Application. Ariko bijejwe ko zri vuba cane.

Amakuru yanyuma baheruka gutanga, abarongoye urwo rubuga bavuze ko abarundi batari bake batanguye kurwijukira, baba abahano iwacu, co kimwe n’abo mu makungu.

Aba Influencer b’abarundi babarizwa muri Leta zunze ubumwe za Amerika barimwo Styve Biko Raphael aremesha ikiganiro SYUB Show bakaba nabo bahimiriza abantu guhurumbira urwo rubuga, runafise vyinshi rusumvya izindi mbuga zisanzwe zikoreshwa n’abarundi.

Iyo nkuru Nziza ikaba ishizwe ahabona inyuma y’imisi hamenyekanye ko Application ya GASAPE SN y’abakoresha android yasubiye Kandi kubonake ku rubuga rwa playstore. Aho n’inyuma y’imisi itari mike hari impari hagati ya GASAPE SN n’uburongozi bw’urubuga rwa Facebook, aho bari bitwariwe muri google isanzwe ifise mu ntoke Google Playstore.

Iyo nkuru Nziza Kandi ibonetse mu gihe umuyobozi wa Gasape SN aheruka muri Leta zunze ubumwe za Amerika aho yari yaherekeje Umukuru w’igihugu Evariste ndayishimiye mu nama US Africa Summit yabereye i Washington DC.

Nkuko abarundi bayamaze ngo urubanza rumwe rumara zibiri, uwo mutware yararonse akaryo ko kugendera ibibanza bitandukanye muri ico gihugu, aho yaragiye kurondera abo bokorana mu kuzanira abarundi Internet Nziza gusumba iyihari.

S’ico gusa kuko ngo muvyamujanye muri ico gihugu, harimwo n’ukurondera gukomeza urwo rubuga rwa GASAPE SN, kugira rutangure kwinjiza agafaranga. ako gafaranga kavugwa ubwo burongozi bukipfuza ko karungikwa ikitaraganye muri Bank nkuru y’igihugu, kugira nabo baterere agacumu mu kwinjiza amafaranga y’agaciro mu gihugu cacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764