Burundihomepagekirundi

General Evariste Ndayishimiye ngo uravye nabi arakwiba nta kabuza

No ku ntebe y’ishure umukuru w’igihugu General Neva ngo icari camujanye kwari ukwiba abigisha gusa.

Mu kiganiro umukuru w’igihugu aheruka kugirana n’inkerebutsi mu rwaruka rwa hano Iwacu, uwo mwubahwa yahamagariye abakiri bato kuba maso, bakagira ubwenge bwo kumenya kwiba imitahe.

Muri ico kiyago yagarutse ku mukobwa ari mu barima mu mirima yiwe, aho yamuhanuye kumwiba umutahe, kuko we ngo abaye ikinebwe aramwiba [ General Neva], akamutungirako.

Yagize Ati :” ..Jewe ubaye ikinebwe nshobora kukwiba, nkakugura mu bwenge, nkagukoresha, nkakwungukako, we ugasigara uvuga ngo uri umukene muga jewe wantungishije, kubera nakwivye ubwenge bwawe nkakwiba n’inguvu zawe.”

Yongerako ati : “Jewe nashaka ko nawe wonyiba, ko jewe namenye ubwenge bwo kukwiba, none nawe ntiwonyiba umutahe? Ngo uriko wigisha kwiba? Nti Oya, uragerageza ukarondera amayeri y’ingene unyiba umutahe. Nukuvuga iki, umpenda ko uje kuba umukozi wanje, ugakira amezi 3, ndaguhemvye ugaca ugira uti mutama tuvyaranye abo ndigiriye. None ntuba utwaye umutahe?”

Muri ico kiyago nyene umukuru w’igihugu yavuze ko ari mu bize imyaka myinshi amashure ya kamenuza, imyaka 27. Ico gihe cose uwo mutware ngo ico yarakeneye kwari ukwiba ubumenyi bw’abamwigisha ngo aje kubikora.

Igituma yarajanywe n’ubwo bumenyi bari bafise ngo nuko urupapuro rw’umutsindo ataco rwari bumumarire, kuko haba mu gisirikare co kimwe no mu kazi ka misi yose yakora ngo ikindi giti kirengeye ico yaragezeko urwo rupapuro rwari rumugeneye.

Muri ico kiyago nyene Uwo mutware akaba yamenyesheje kandi ko we adashigikiye abashira amafaranga imbere, kuko ngo umutahe atariwo uza Imbere mu nzira yo gutera imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764