BurundiBusinessDevelopmentEconomyhomepagekirundi

Gervais Ndirakobuca aragabisha abatoza amafaranga ku maparikingi

Ingingo yo guhagarika gutoza amafaranga ku bituro vy’abunguruza abantu n’ibintu ni ntabanduka. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano Gervais Ndirakobuca kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 19 Ntwarante 2021 mu nama yakoranye n’abayobozi b’amashirahamwe y’abunguruza abantu n’ibintu yaberey mu nyubakwa za Hotel de Ville iri mu gisagara ca Bujumbura.
Gervais Ndirakobuca avuga ko ayo mashirahamwe yitwa ko adaharanira inyungu, yivye abanyagihugu. Amenyesha ko vuba hagiye gushirwaho umugwi uzoba ujejwe gusesangura aho ayo mafaranga yagiye.
Ido n’ido ni muri iki kiganiro yashikirije aha musi :
https://www.youtube.com/watch?v=pQoC9MVSdt0

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768