homepage

Gianni infantino agiye kuba umurongozi wa FIFA agira kabiri agiye kuza mu Burundi

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) rihejeje kumenyesha abarundi bose  n’abakunzi b’umupira w’amaguru ko uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi ( FIFA) Gianni Infantino ko azogendera igihugu c’Uburundi ku magenekerezo ya 21 na 22 ukwezi kwa Gitugutu 2023.

 

Gianni Infantino azoba umurongozi agira kabiri arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ashitse mu Burundi , inyuma ya Sepp Blatter yigeze kuza igenekerezo rya 13 Ndamukiza umwaka a 2005.

Muvyoba bimuzanye mu Burundi harimwo ukuyaga  n’indongozi z’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ( FFB ) kuvyerekeye wa mugambi ww FIFA Forward.

Mukibuka y’uko igenekerezo rya 27 Ruhuhuma umwaka 2023 , uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Muyenge Alexandre yashoboye kwakirwa mu gihugu c’Ubufaransa na Gianni Infantino bayage ibitari bike bibanze umupira w’amaguru wacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671