Entertainmenthomepage

MKOMBOZI” Nitwe rwaruka rwa none mu Burundi rwo guhindura kahise Kabi “

Mu kiganiro ” Indundi Hit Show” co kuruyu wambere ihenekeeezo rya 25 Nyakanga twari twagendewe n’umutumire adasanzwe ku nsamirizi yanyu mukunda Indundi culture FM, uwu nawe si uwundi n’umuririmvyi rurangiranwa mu mudiho wa RAP Nzeyimana Thomas azwi nka MKOMBOZI, yamenyekanye mu ndirimbo zitandukanye zikunzwe n’abatari bake aho twovuga nka Ubumwe yakoranye na Mutima le Comédien, Kimwe kukindi yakoranye na B-Face n’izindi .

Mu bibazo bitandukanye yabajijwe n’abasanzwe baremesha ico kiganiro utibagiye kandi ibibazo vy’abakunzi biwe harimwo n’ibimubaza impamvu yaragize igihe adakoma mu ruganda rw’umuziki !

Nzeyimana Thomas azwi nka Mkombozi yagize ati ” narimaze imisi nivyo mfatiriwe ariko nari mubikorwa bidasanzwe ngira murabona ko nambaye Neza mberewe, aka gapira mubona ndetse n’izindi mpuzu zitandukanye nijewe ubwanje ndazitunganiriza ziva mu gihugu c’ubushinwa ziriko ikirango canje ” Rundi Boy ” haba kuz’abagabo na ” Rundi Girl ” kuz’abigeme n’abakenyezi, ndi mubatahuye umugambi wa nyenicubahiro mfise indoto zo kubona abarundi bose bambara bakaberwa, urwaruka rwa none rwo mu Burundi Nitwe dufise muminwe kazoza k’igihugu no guhindura ishusho ryaco yononywe n’urundi rwaruka rwadutanguriye nkumbure
bivuye kunryane za Poritike, birakwiye ko dukubitiza agatima mpembero kumabara aranga ibendera ry’igihugu cacu, nimba uyumusi duharurwa nk’abanyuma mw’iterambere aha mu karere nuko ata rukundo tugifitaniye .

Umutumire w’ikiganiro ” Indundi HIT Show co kuruyu wambere igenekerezo rya 25 Nyakanga 2023 yagarutse ku indirimbo nshasha yimirije gushira ahabona yise AFRICA 2 arikumwe n’umuririmvyi BLACK G .

Abajinwe Impamvu yashimye gukorana na Mutima le Comédien mu ndirimbo UBUMWE yagize ati ” Mutima aboneka nk’umuntu ashoboye gusetsa gusa gusa ariko ni incambwenge ikomeye kukaba nkako genda mwumvirize amajambo yavuze murico gikorwa muraza guheza mwumve ko ari umwanditse akomeye ” .

Nzeyimana Thomas yamenyekanye nka Mkombozi yagarutse kandi kumajambo yamuvuzweko hamwe n’umukenyezi wiwe avuga ko yacikije Inyuma yo kumutwaza imbanyi kuri we avuga ko yeretse akarorero keza urundi rwaruka ko guhunga ibibazo atari Vyiza ahubwo nyabuna igikwiye ari uguhangana navyo.

Arangiza kandi atera intege abaririmvyi Bose bo mu Burundi muri rusangi ko batotwarwa nagashavu kuburyo buhabwa abanyamahanga baza gukorera ibiteramo iwacu bagahabwa Ama miliyoni y’amahera, abahanura ko ababatumira baba bari mu rudandaza agira ati ” Natwe ni twige gukoresha Meshi tuzohabwa Meshi kubwibikorwa Vyiza vyacu “

What's your reaction?

Related Posts

1 of 705