homepagekirundikirundi_Sports

Intamba mu rugamba z’abigeme zisezereye Ethiopia

Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba umugwi w’abigeme uhejeje gusezerera igihugu ca Ethiopia

Hari kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 26 Nyakanga 2023 igihe c’isaha umunani n’igice 14h30 , aho umugwi nserukira gihugu w’abigeme Intamba mu rugamba wari wakiriwe n’umugwi nserukira gihugu w’abigeme wa Ethiopia mu rukino rwo kurondera itike rya CAN y’abigeme izoba mu mwaka wa 2024 muri Maroc.

Iminota 90 y’urukino yarangiye iyo migwi yose inganije igitsindo 1-1 , ivyatumye baja gutera Penariti bivanye n’uko mu rukino rwo gutangura iyo migwi yari yanganije igitsindo 1-1 vyose hamwe bica (2-2).

Igitsindo c’umugwi nserukira gihugu w’Uburundi kikaba cinjijwe na Sandrine Niyonkuru asanzwe akina mu gihugu ca Egypt .

Ethiopia ikaba yinjije Penariti 3 mugihe Uburundi bwinjije Penariti 5.

 

Mwomenyako ku rutonde rwa FIFA mu bigeme , Uburundi buri mu kibanza ca 175 mugihe Ethiopia iri mu kibanza ca 124 mu bihugu 186.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 856