Kuva aho ubushikiranganji bw’indero busohoreye urwandiko rwugara igisata c’abana bimenyereza (section maternelle) kw’ishure ry’itiriwe Musenyeri Victor Scheppers riri muri zone ya #Gihosha mu buraruko bw’igisagara ca #Bujumbura ntibatonze kw’ishure.kw’ishure.

Bamwe mu bavyeyi bakozweko n’iyo ngingo bemeza ko agahombo ari kenshi mu gihe bari baramaze kugura ibikoresho vy’ishure n’imyambaro y’ishure mu gihe hari n’abavuga ko n’amahera y’ishure yari y’amaze kurihwa.
Ubu abo bavyeyi batabona iyo bajana abana babo basaba impande zose zerwa n’ico kibazo kuja hamwe bagaheza bagatorera umuti ico kibazo kuneza y’ivyo bibondo.



















