homepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Vivier Bahati aridogera umuhagarikizi

Umumenyereza w’umugwi Aigle Noir Cs Vivier Bahati aridogera umuhagarikizi yahagarakiye urukino rwa CAC Confederation Cup rwahuje Stade de Malien hamwe na Aigle Noir Cs.

 

Mu kiyago yakoranye n’ikimenyeshamakuru Akeza Sports yavuze ko kimwe mu bintu vyatumye atitwara neza ari imvura yaguye ari nyinshi cane mu gihugu ca Mali ivyatumye ikibuga cononekara bigatuma umukenyuro yari yateguye upfa ubusa .

Akaba atasivye kandi kwidogera umuhagarikizi yahagarikiye urwo rukino aho yavuze ko umuhagarikizi yatanze penariti 2 umugwi wa Stade de Malien utari ukwiriye guhabwa .

Izo Penariti 2 ni nazo zatumye uwo mugwi wa Aigle Noir Cs utsindwa ibitsindo 2-0.

Mu kurangiza uwo mumenyereza yavuze ko afise icizere ko mu rukino rwo gusubiriza ruzoba igenekerezo rya 29 Nyakanga 2023 azovyitwaramwo neza , ibishobora gutuma haboneka umugwi uzokwinjira mu matsinda ya CAF Confédération Cup .

Mwomenyako Aigle Noir Cs uzofata urugendo ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 23 Nyakanga 2023 werekeza mu gihugu ca Tanzania mu ntumbero yo kwitegurira urukino rwo gusubiriza .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807