BurundiÉnergieEntertainmenthomepagekirundi

Kubwa Gretta na Gomez ngo ab’inyuma ya Karim Babel bizobagora kwizerwa

Ibiriko biraba ku kibazo ca Karim Babel ngo bishobora kuba ikibazo ku bandi bantu bazokenera ko bafashwa kurondera uburyo bwo kuja kwivuza mu mahanga. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Gretta na Laly Gomez bari mu basanzwe bategura ibiteramo bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura.

Muri Live yakozwe ku rubuga rwa Instagram na Gretta, yamenyesheje ko kuba umuvyeyi n’abaryango ba Karim bariko baratukana bamenyesha ko ata muntu bigeze batuma ngo abafashe kwegeranya amafaranga, ari kimwe mubizotuma mu nyuma abashaka gufashwa nkuko, bazobanza kwegeranya abamenyeshamakuru, kugira bikunde ntibaze bihakane ico kintu.

Muri iyo Live nyene hahavuye humvikana amakuru ko Compte yari yabitswemwo amafaranga amwe amwe muyo bari bafashishije uwo mugwayi Karim Babel ishobora kuba yamaze gufungwa, S’ico gusa ahubwo ngo abamenyeshamakuru b’imico n’akaranga bafashije kugira ubwo bufasha buboneke, uno musi bazindukiye kurondera ukuri kuri iyo Dossier, aho bagiye ahantu hose havuzwe muri ico gikorwa.

Ayandi makuru yumvikanye yashikirijwe na Gretta nuko ngo amafaranga yari yatojwe mu giteramo cakorewe muri COSI, umuryango wa Karim bari banse kuyemera kuko ngo ari amafaranga yari yavuye muvy’inzoga. Ivyo bigaca bijana n’ijambo mama wiwe yaheruka gushikiriza aho yamenyesheje ko abo yari yasavye ko bamufasha ari aba Musulman bagenziwe.

Kuri ivyo kandi hakaba hagiye humvikana amajwi y’abantu batabashije kumenyekana bavuga ko Karim Babel adashobora kuja kuvuzwa ku mafaranga y’abakafiri [n’ukuvuga abantu batari aba Musulman].

Gushika ubu rero amakuru ahari avuga ko uwo mugwayi ashobora kuba ashaka kuja kwivuriza ku mugabane wa buraya, mu gihe hagitangura kuronderwa imfashanyo bari bamenyesheje ko bashaka kumujana mu gihugu ca Kenya.

Mwomenya ko kugira uwo muririmvyi akorerwe igikorwa co gusaba ko abantu bomufasha, habanje kuba induru kubera hari uwundi mwana yitwa Oceane yari yakorewe igikorwa nkico kugira aje mu kwivuza. Abantu bakaba bavuga ko habayemwo ikumirwa kuko abana b’abifise aribo bonyene bahawe ikibanza mu gihe abana bo mu buyenzi bo ataco bariko barashaka kubafasha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775