BurundihomepagekirundiPolitique

Gushika kuwa 30 Munyonyo basabwa kuba babishize mu ngiro

Gushika igenekerezo rya 30 Munyonyo 2020 nico kiringo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano yahaye ba buramatari n’uwurongoye igisagara ca Bujumbura ngo babe bamenye igitigiri c’amatongo yose ya Reta ari mu ntara n’amakomine.

Ivyo ni ibiheruka gushikirizwa n’umushikiranganji Gerevazi Ndirakobuca aramutswa ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano, hari mu mpera z’ukwezi kwa Nyakanga guheze uwu mwaka w’2020.

Umushikiranganji Ndirakobuca yasavye abo bajejwe intwaro ko bosuzuma neza amakuru amaze imisi avuga ko hari amatongo ya Reta yoba yandikwa ku bantu bayiyitiriye bakayagwatiriza canke bakayagurisha atari ayabo ari aya Reta.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764