BasketballBurundigroups-at-messagekirundi_SportsSport

Gymkhana yirahiye New stars icitwara igikombe

Nkuko twabibabwiye mu nkuru zacu, ishirahamwe ry’imvukira za Zone Jabe zaratunganije ihiganwa rya Basketball rikaba ryahuje imirwi 6 ihurikiye mw’ishirahamwe rya basketball I bujumbura ACBAB. Gymkhana na New stars nizo zakinye urukino rwa nyuma kuri uyu w’imana igenekerezo rya 28 Ruheshi 2020.

Urukino rugitangura vyaribonekeza ko Gymkhana yaje yiteguriye new stars ibifashijwemwo na Jambo Landry batazira Gasongo , Rudolph Munobogo batazira Kibwa, Paulin Jimbere na Trésor batazira Stamina batsinda mu gice ca mbere New stars ya Kabura Rodrigue Mbuyi na Matty 42 kuri 22.

Bavuye mu karuhuko , umumenyereza Aime Bitagoye wa Gymkhana yarakenyuye New stars umurwi wamuramuye atsinda mu mikenyuro abamenyereza yaramuye ba new stars aribo Nshimirimana Christian Ndindi na Sokoroza Francis Savoka mbere urukino rurangira Gymkhana irimbere ku manota 74 kuri 49.Ndindi amenyereza New stars yavuze ko abakinyi biwe bari barushe kubera bakoresheje inguvu nyinshi mu rukino rw’Urunani ariko yemerako Gymkhana yabarushije

Apotre Jean Paul Manirakiza ari mu bafashije muri iryo higanwa yarashimiye abaje kuri urwo rukino acarangiza ashimira Abdallah Armel Hakizimana yatunganije iryo higanwa .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 551