Burundihomepagekirundi

H.E Evariste Ndayishimiye ngo Indege na 5 zoboneka

Umukuru w’igihugu varisito Ndayishimiye ngo aho bukera Uburundi bushobora kuzoba bufise indege na 5 zirerura umukuru w’igihugu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, yamenyesheje ko indege Golf stream ireruka umukuru w’igihugu itari mu gihugu, ibarizwa I Madrid aho bariko barayisuzuma.

Iyo ndege ngo yari ifise akabazo kataratorerwa umuti, akaba yamenyesheje ko bari bamubwiye ko ako Kabazo gashobora kuzoja gukorerwa mu Bwongereza ariko ikaba itarabasha kugenda.

Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko barindirira  Rapport y’abahinga kugira bamenye nimba bazoyigurisha ngo babashe kugira iyindi ishobora kurerura Umukuru w’igihugu.

H.E akaba avuga ko naho indege yicaye, ngo iyo afashe urugendo akaba akota indege gake, kuko abagenzi b’Uburundi batiza Leta y’Uburundi indege irerura Umukuru w’igihugu.

Ingendo za kure ngo nizo babasha gukota indege gusa, nayo iz’aha hafi ngo bakaba babasha kubatiza.

Umukuru w’igihugu akaba yijeje abarundi ko mu gihe kiri imbere, Uburundi bushobora kuzogura n’indege 5, ngo hasigaye gusa ko abarundi Baja ku kivi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764