Uncategorized

Hagati ya Big Fizzo na Lolilo hoba hagira kandi hake umuriro?  

Mugani yoba asubiriye kandi gukoza agati mu ntozi ? Ivyo uvyiyumvira inyuma yaho ubonye ubutumwa uwo muririmvyi yashize ku rubuga rwiwe rwa Whatsapp, rugakwirakwizwa n’urubuga rwa Instagram rwa Yassin, aho yasubiriye kandi gucokoza umuririmvyi Lolilo.

Uwo muntu akoresha Instagram kw’izina rya Yassin, azwiko kumenya vyinshi kuri CEO wa Bantu bwoy, akaba yasangije abarenga 10,000 bamukurikirana ubutumwa bwa Mugani Desire kuri urwo rubuga rwa Whatsapp aho yavuze ko hari umugenzi wiwe ama TBT amurembeje.

ʺHari umugenzi tuzinanye ama #TBT picture amwishe …ʺ

Ivyo akaba yabishikirije inyuma yaho mugenziwe Lolilo amaze imisi asangiza abamukurikirana ku rubuga rwiwe rwa Instagram co kimwe na Facebook amashusho yiwe y’aho hambere ari ku mugabane wa Buraya aho mu butumwa bwose yagiye atanga bwagiye buherekezwa n’akajambo ngo “Nzotegereza”.

Ari nka hamwe bisubiriye, bakaba boba bagira batse uwundi muriro ushobora kumara umwanya kuko uwaheruka wari wazimijwe n’amashusho y’umukuru w’igihugu ariko aravuza Ingoma, amashusho yamaze imisi ariko arakwirakwizwa hirya ni hino.

Mukibuka ko umuriro baheruka kwegenyeza wari uhagaze ku matora azoba muri AMB, aho bamwe bagiriza abandi ko bihakanye igihugu, abandi nabo bakibaza uko vyagenze ngo bashimirwe n’umuhisi mu gihe bari aba Tanzania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55