BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsmusic

Hagati ya Bobona na Big Fizzo ntivyoroshe 

Ibishikirizwa na Bobona ku biteramo vya Mugani Desire ku mugabane wa buraya vyoba bitabonwa neza n’uwo muririmvyi ubwiwe.

Big Fizzo na Bobona bamaze imisi bariko baterana imirarwe bacishije ku mbuga ngurukanabumenyi basanzwe bakoresha, aho umwe avuga ko mugenziwe ariko araka indaro mu gihe bamwe bibaza ko ariko akora ibiteramo bikomakomeye hirya no hino.

Mugenziwe ntiyatebeje, kuko nawe akoresheje urubuga rwiwe rwa Twitter yamwishuye ko ngo iyo vyanse baca batangura kuvuga ko ngo bakora ibiteramo ngo barondere ayo kubasubiza muhira.

Abo bose uko ari babiri bakaba bagize imisi basa n’abatarabana ryiza naho Bobona we aho aheruka hano iwacu yamenyesheje ko ata kibazo na kimwe bafitanye, ahubwo ari uko avugisha ukuri abantu bakabifata ukutarikwo.

Mwomenya ko Mugani Desire ivyo biteramo biriko biravugwa, hamaze kumenyekana 2 ic’I Paris mu Bufaransa hamwe n’ico mu bubirigi, kandi vyose bizoba mu kwezi kuza kwa 3.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 744