East Africa NewsAkes DonEntertainmentkirundiMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Hagati ya Diamond n’umuryango wa Tanasha birakomeye

Diamond Platnumz ngo yoba ari mu yabira, kuko inda yateye Tanasha yoba itanezereye umuryango w’uyo mwigeme kubera batari bwarushinge.

Diamond Platnumz ngo yoba yashizwe ku mugozi n’umuryango w’umwigeme Tanasha basigaye bari mu rukundo, kandi binavurwa ko anamufitiye imbanyi .

Amakuru dukesha ikinyamakuru Ghafla co muri Kenya avuga ko uwo muririmvyi ngo yagiranye ibiganiro n’umuryango w’uyo mwigeme aho bivurwa ko boba bamuhaye gasopo kutamutera inda imbere yuko barushinga.

Ico kinyamakuru kivuga ko umwe mu bagize umuryango w’uyo mwigeme ngo yavuze ko ata kibazo bafitanye n’umubano wabo, ariko ngo kubera umuryango wabo ari uw’abakirisu, ngo ntibipfuza ko boca kubiri n’imico yabo, kandi bakanka ko yohava atabwa inyuma y’ukumutera inda.

Ariko naho biruko, uwo mwigeme arabihakana ko ata muryango wiwe wabivuze, kuko ngo umuryango wabo uri mu miryango iciye bugufi, ntiyoja murivyo vyokwararazanya. Akaba kandi yongeyeko ko uwo muryango nyene ata kibazo ufitanye n’ubucuti bwabo.

Mwomenya ko uwo mwigeme w’imyaka23 niyibaruka, azoba abaye umwana wa 4 w’uyo muririmvyi azoba avyaye muri iyi myaka 5 iheze. Akaba zoba abonetse inyuma y’uwo bavyaranye na Mobeto hamwe na 2 bavyaranye na Zarinah Hassanh.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 556