BurundihomepageIKIRUNDI_newsmusic

Hagati ya Hug Me na Affection turatoramwo iyihe?

Hagize imisi hari impari kubera indirimbo 2 Hug me ya Sat-b na Otile Brown hamwe na Affection ya Olga Lorrie na Big Fizzo. Izo ndirimbo zikaba zagumye zipimanishwa, bazigaraguza agati kugira babone nziza iyariyo, iyanditse neza, iyiririmvye neza, n’ibindi vyinshi bagiye baraba.

Haheze amasaha makeya zishizwe ku rubuga rwa Youtube, Aho hari ku musi wa gatanu, kuko Hug me yashizweko isaha 2 z’igitondo nayo Affection isohoka isaha ya sasita z’umuhingamo, hatanguye gukwirakwizwa Screenshoot ya Status ya Big Fizzo aho yanditse ngo “BULOBE”.

Iryo jambo rikaba ryaciye rirabishwa ku ndirimbo Hug Me aho bose bavuga ko iyo ndirimbo ngo ari ubuswage, ata kirimwo, ariko uko bayivuga nabi, yo ni nako yaguma iduga, kuko mu masaha 14 gusa ishitse kuri urwo rubuga yari imaze gukwiza Views 100,000.

Ugupimanisha izo ndirimbo vyaduze kugeza aho bavuga ko Mugani yoba yagize uruhara rukomeye kugira iyo ndirimbo isohoke kuri uyu wa gatanu, kugira bikunde yiheke kuri Hug Me ya Sat-b. Ivyo ngo bikaba atari bishasha kuko no muri Kahise kuri za Album 2 za Big Fizzo hamwe nay a EP ya Sat-b ngo naho nyene vyagenze uko nyene.

Ariko naho Big Fizzo ariwe yateye ibuye mu mwijima uno musi, Sat-b nawe yaramaze imisi aguma azana utuntu duto duto ariko uwumviriza agafatanya ibintu yaheza akumva ko ariko atumbereza ijambo ariko avuga muri Bantu Bwoy kuko yavuga ko ngo hari abafise ukuntu bashaka guhangana n’ico gikorwa ciwe kizosohoka.

Ibi biriko biraba kuri izi ndirimbo bikaba atari bishasha kuko mu ndwi iheze vyabaye ku ndirimbo 2 zindi nyene, kandi benezo nabo nyene badacana uwaka, izo nazo ni Hahiye ya ALvin Smith na Boss ya Olegue, aho zasohokeye zozo amasaha amwe, zirara kuri Views zimwe, ariko mu nyuma ku musi wa 3 zitangura gusigana, aho ku musi wa 4 Hahiye ya Alvin yari yamaze gukwiza Views 100,000, nayo iya Olegue ikiri kuri Views 80,000.

Umuntu rero yokwibaza nimba ugusohokera rimwe kw’izi ndirimbo, vyoba vyari vyaharuwe kugira zigire ukwihekanako, canke nimba Big Fizzo yoba yarahimirije Olga gusohora iyo ndirimbo kuri uyo musi iya Sat- izosohokerako, Mbe hoho uwatanguye kuvuga iyi tariki muribo yoba arinde?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721