footballhomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Menya ideni PSG iheraniye Sergio Ramos

Muri rino ci, Sergio Ramos niho yifatanya n’umugwi wa PSG wo mu bufaransa, akaba yashitse muri uwo mugwi ata mafaranga uwo mugwi utanze kuko amasezerano na Real madrid yahoramwo yari yari yamaze kurangira.

Ramos mu mezi 4 amaze muri uwo mugwi, hakaba haguma havugwa vyinshi birimwo ko ashobora guhagarika amasezerano n’uwo mugwi noneho agaca ahagarika umupira, ariko bikaba biheruka kubeshuzwa n’umwe mubo bavukana.

Ivyo bikaba vyibazwako kubera uwo mukinyi amaze amezi 4 yose atarahonyoza ikirenge mu kibuga ngo akinire uwo mugwi wa PSG, naho havugwa ibikomere n’imvune yajanye i Paris arico gituma atarahonyoza ikirenge mu kibuga.

Naho yashitse ata kingorongoro gikorotse, uwo mukinyi ngo hari amafaranga yategerezwa guhabwa na PSG mu gushira umukono ku masezerano yo gukorana, azohera mu mwaka wa 2023, ariko ngo akaba ata n’igikoroka arabona nkuko amakuru ikinyamakuru l’equipe ashikiriza.

Ramos ngo kuba yaje muri PSG ata gikorotse, ngo vyatumye agashahara kiwe Kaba keza, kuko ngo ahembwa amafaranga angana n’imiliyoni 6 z’amafaranga y’amanyaburaya (Angana n’18,000,000,000 fbu ) ku mwaka muri uwo mugwi, ibica bimushira mu gitigiri c’abakinyi bahembwa neza cane muri uwo mugwi wa PSG.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846