BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsmusic

Hampande y’ibisusu ngo hari ikindi gishasha

Inyuma y’”ibisusu” yatambishije abatari bake, Double Jay yoba yamaze guheza gutegura ikindi gikorwa gishasha? Birashoboka uravye amajambo uwo muririmvyi agize imisi acisha ku mbuga zitandukanye asanzwe akoresha.

Uwo muririmvyi akaba amaze kabiri ashirako amashusho n’amajambo yumvikanisha ko hari indirimbo nshasha yiwe iri mu nzira. Iyo nayo ikaba ishobora kuba iriko ikorwa na Kolly kuko ari nawe yabonetse kuri amwe muri ayo mashusho yasangijwe n’uwo muririmvyi.

Ariko rero hampande y’iyo yiwe iyo bakoranye na Nziza Désiré nayo ikaba ishobora kuba nayo yamaze guhera gukorerwa amasanamu, kuko hamaze kuboneka amwe amwe mu masanamu bari kumwe, yerekana ko bashobora kuba bamaze kuyarangiza.

Mu kiyago yatanze akiri i Kigali, uwo muririmvyi akaba yari yamenyesheje ko afise umugambi wo gukorana n’abaririmvyi batari bake bo mu runganwe rushasha, barimwo Double Jay, Olegue co kimwe na Alvin Smith. Ubwo Double akaba ariwe yatanguye kuko ngo hari vyinshi yari akwije muvyo uwo muririmvyi yari akeneye mu ndirimbo yashaka gukora.

Ubwo bikaba bikigoye rero kumenya indirimbo izosohoka imbere y’iyindi, ariko bikaba bishoboka ko ari iya Double wenyene kuko iya nyuma iheruka ku rubuga rwiwe rwa Youtube ari “Nzoduga” yasohotse haraheze amezi 5, ubu ikaba imaze kurabwa incuro zirenga 589,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 744