BurundiHealthhomepagekirundi

Haraheze Imyaka 8 Levis Bikorimana agwaye, uno musi ashaka kwivuza 

Abarundi barayamaze ngo Umwana s’uwumwe, umwana n’uw’igihugu. Inyuma y’imyaka ibihumbi n’ibindi abarundi baciye uwo mugani n’ubu hari ab’umutima bakiwugendera, bagafata mu mugongo umwana w’igihugu bataravye iyo ava canke ico ari.

Mu masaha 17 gusa yaraheze batanguje urugamba rwo gushigikira umwana w’umuhungu Levis Bikorimana, ibice birenga 70% vy’Uburyo bukenewe ngo abashe kuvuzwa bwari bwamaze kuboneka, buvuye mu minwe y’Abo bakomoka hamwe, Abarundi.

Imwe mu ma foto yabonetse arikumwe na Chancelle muri Kira Hospital aho ariko aravurirwa

Ubwo buryo bukaba bwariko busabwa ngo Levis abashe kuvugwa ingwara zo ku rukoba asanzwe afise muri bino bihe. Izo ngwara zikaba zatanguye kuva afise imyaka 2 y’amavuko, ubona ko uno musi amaze gukwiza 10.  Ico gihe umubiri utangura kumuhinduka nkuko umwe mu bariko baramukurikirana kugira avugwe abishikiriza ngo yari yabuze abavyeyi biwe.

Uwo mwana w’igihugu akaba muri kino gihe ari mu gisagara ca Bujumbura aho ibitaro vy’I Makamba vyamurungitse ngo abe ariho bamukurikirana, kuko iwabo ata kinini bari bumukorere.

Mu bitaro i Makamba, imbere yuko bamwungururiza i Bujumbura

Mu butumwa bwabashije gucishwa ku rubuga rwa Instagram rwa Chancelle BAMUHAYE ari nawe ariko amushigikira ngo avuzwe, yamenyesheje ko uwo mwana ariko avurirwa muri kano kanya muri Kira Hospital. Kubera uburyo bwabo atari ikirenga, akaba arico gituma bashimye gusaba ngo abarundi bene wabo n’uwundi wese yumva ako kamo, agire umutima w’ikigongwe abe hafi ya Levis mu kumuronsa uburyo bwo kwivuza.

Uburyo bwasabwe n’abo bariko baramushigikira akaba ari 1,700 $, kugira abashe kuvuzwa. Umurundikazi Alice Vyukusenge abarizwa I Washington DC  ari nawe yashinze ishirahamwe  Burundi out of Dust, akaba ariwe yabonetse yanditse kw’ihimirizwa ry’ukwegeranya uburyo bwo gufasha uwo mwana ririko ribera kuri Gofund Me, noneho abandi baca mu makanda yiwe batanga uburyo butari buke, kuko gushika twandika ino nkuru hari hamaze kuboneka ayangana 1300 $.

Nawe uriko usoma ino nkuru, Chancelle mw’ijwi rya Levis akaba agusaba kumufasha mu kumuronsa uburyo kugira abashe kwivuza iyo ngwara yamwononeye Urukoba.

Uburyo bumaze kuboneka ni 1300 $, kandi bipfuza 1700 $ kugira umwana abashe kuvurwa neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764