homepagekirundi

Hari ibigiye guhinduka muri Twenga na Mutima show ku ncuro ya kabiri

Mutima le comédien ubwiwe ngo igiteramo ciwe citiriwe izina Twenga na Mutima show yagomba ko kizoza kiraba rimwe mu mwaka. Ku ncuro ya mbere ico giteramo carabaye aho yari afadikanije n’abaririmvyi batandukanye bo ngaha mu gihugu. Muri uyu mwaka w’2022
kubera yagondojwe n’abakunzi biwe, ico giteramo agiye kugikora ku ncuro igira 2 n’ubwo ivyipfuzo vyiwe kwari kugikora rimwe mu mwaka.

Arahamagarira rero bakunzi biwe kudasiba igenekerezo rya 28 Myandagaro 2022 kuri Miki azoba yifadikanije n’aba comédiens bagenziwe nka Gasore, Ildephonse, Kigingi na Raoul, abo nibo bamaze kumenyekana ariko kandi vuba arasohora urutonde ruriko abazoba bahari muri ico giteramo, kubwiwe ngo inkoko niyongoma ngo ntagusiba.

Yagiriyeko kandi anibutsa abakunzi ba Team Mutima kudasiba mu giteramo ca mugenziwe Kigingi igenekerezo rya 14 Myandagaro 2022. Ibiteramo ni bibiri muri uku kwezi udakwiye gusiba kubashaka kwongereza imisi yo kubaho.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755