homepagesociete

Haribonekeza ubukene bw’amazi meza muri Zone Bigina

Nk’uko bishikiraizwa n’a bamwe mubanyagihigu bo muri zone Bigina ya komine Kayogoro mu ntara ya Makamba ,bamwe mubasanzwe baba aho Ubu bikora kumazi y’inzuzi ayo nayo akaba ashobora kubatera indwara zitandukanye .Abajejwe intwaro barahagaritswe umutima n’iryo kena bagasaba ko ico kibazo cotorerwa umuti .

Abo banyagihugu bo muri zone kumitumba itandukanye baridoga ko batagira amazi meza. Bavugako bavoma amazi yo mumyonga azanwa n’inkukura.

Abandi bavugako bavoma inzuzi zica muriyo zone nayo ngo akaba asa nabi cane. Abenshi mbere ngo bakagenda ingendo ndende cane.

Abo banyagihugu bakavugako indwara zifatiye kwisuku rike zitandukanye zishobora kwaduka

Ubwo bukene bw’amazi meza buremezwa n’abajejwe intwaro, Uwurongoye zone Bigina avugako n’umugende wari watunganijwe uzana amazi muri zone arongoye ubu utagikora abanyagihugu bagaca bikora kurayo yinzu nayo mubinogo nayo akaba atagira isuku. Mbere n’amavuriro ari muri iyo zone ngo akaba atagira amazi.

Ubwo bukene bw’amazi bukaba burangwa muri zone Bigina yo nyene kuko no muyandi ma zone agize komine Kayaogoro ico ikibazo c’amazi cibonekeza.

Inkuru yanditswe na Serge Sindayigaya

What's your reaction?

Related Posts

1 of 672