homepagesociete

Hashinguranywe iteka abaguye mugitero c’i Vugizo

Abantu bagera kuri 20 bitavye Imana mugitero cabereye mu gice ca Vugizo muri zone Gatumba bahambanywe iteka mw’itongo ry’abapfuye ry’i Warubondo. Ababuze ababo bari mugahinda, bakavuga ko bagitekewe n’ubwoba bibutse ivyabaye. Bagasaba ko umutekano wokongerezwa kurusha muri ico gice .Uwaserukiye Reta y’Uburundi yatangaje ko abakoze ubwo bwicanyi bagiye kuronderwa mpaka bafashwe bakubitwe intahe mu gahanga.

Hari kuri uyu wa 26 Kigarama umwaka wa 2023 aho hashinguranwa iteka abantu 20 bitavye Imana mugitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cabaye mw’ijoro ryo kuwa 22 Kigarama umwaka wa 2023 k’umusozi Vugizo zone Gatumba komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura. Imisa yo kubasezera yabereye mw’isengero ya paruwase Gatumba yitiriwe umweranda Francois Xavier.

Icegera ca Musenyeri mukuru wa Dioseze nkuru ya Bujumbura Musenyeri Anatole Ruberinyange yahereje inkuka ya misa,mu nyigishoyatanze yaneguye ko hari abagishaka kugira ivyo bashitseko barinze gusesa amaraso aho yagize ati:

“Ubwicanyi ntibwigera na rimwe buba inyishu y’ibibazo canke ingorane.Ego abantu aho bari harashobora kuba amatati…yaba amatati ayariyo yose,inyishu si ugukoresha igikenye ,si ugukoresha umuheto ,inyishu ni ugukemura ibibazo mu biganiro ,mumwumvikano ,mumutekano ntangere”

Inyuma y’imisi ine (4) ico gitero Reta yita ic’iterabwoba kibaye, imiryango iba kumutumba vugizo ahabereye ico gitero, ivuga ko ibayeho itekewe n’ubwoba.

“Ubwoba ntiburahera,ntanuwuja mumirima tuguma mumihana kukwicura ko twohurirayo nabo bagizi ba nabi…abasoda baratembera ,bakatuvugisha ariko uca wikeka ngo ni babandi” .

Abo banyagihugu basaba ko ico gice coshirwamwo abajejwe umutekano bamaho.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu iterambere rusangi n’umutekano Martin Niteretse yari yaserukiye Reta y’Uburundi yavuze ko Reta iriko irakora ibishoboka vyos kugira abakoze ubwo bwicanyi bahagarikwe. Yavuze kandi ko Reta ariyo izoriha amafaranga akenewe kugira abantu icenda(9) bakomerekeye muri ico gitero bavurwe.

Inkuru yanditswe na Egide Nahayo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 672