homepagekirundi_Sports

Vital’o Fc ihejeje gutakaza imbere ya Azam Fc yo mu gihugu ca Dar es Salaam

 

Umugwi Vital’o Fc uhejeje gutsindwa n’umugwi Azam Fc mu rukino rugira gatatu rwo mw’itsinda A.

Hari kuri uyu wa kabiri Igenekerezo rya 02 Nzero 2024 igihe c’isaha icenda n’iminota cumi n’itanu ( 15h15min) ku kibuga New Amaan , aho umugwi Vital’o Fc wakina urukino rw’umusi ugira gatatu rwo mw’itsinda rya A . Urwo rukino rwahuje Vital’o Fc hamwe n’umugwi Azam Fc rwarangiye umugwi Azam Fc utsinze ibitsindo 3-1.

Urwo rukino rwari rwiza cane ku mpande zose, ariko bikaba vyabonetse ko umugwi Azam Fc warushije uburambe ( Expérience) mu nkino Mpuzamakungu umugwi wa Vital’o Fc ivyatumye Vital’o Fc itakaza Urwo rukino .

Igitsindo c’umugwi wa Vital’o Fc cinjijwe na Kizigenza w’umugwi Vital’o Fc Nzeyimana Jean biciye kuri Panariti ku munota wa 63 , mugihe ibitsindo vy’umugwi wa Azam Fc vyinjijwe na Alasane Diao aho yinjije ibitsindo bibiri wenyene ku munota w’i 9 na 57 , mugihe ikindi gitsindo kimwe cinjijwe na Msindo ku munota wa 72 w’urukino .

Urwo rukaba rwari urukino rugira gatatu rw’umugwi wa Vital’o Fc ukina , wanganije inkino 2 utakaza urukino 1.

Kugira umugwi Vital’o Fc urengane bisaba ko uba mu migwi ibiri izobandanya nka ‘’ Meilleur Perdant ivyo navyo mpaka imigwi yose urangize inkino zo mu matsinda .

Mwomenya ko umunyegori w’umugwi Vital’o Fc Hussein Ndayishimiye yatowe nk’umukinyi yaranzwe na Fair Play muri urwo rukino , aho yashoboye guhabwa amafaranga ibihumbi amajana abiri vy’amashillings ( 200.000Tsh).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 806