Burundigroups-at-messagekirundi_SportsSport

Harimirije ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga i Gihanga

Umugwi Akaranga cyclisme Club w`igihanga mu ntara ya Bubanza urongowe na Emery BADOGO uriko urategura ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga ryo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 1 Myandagaro 2020 .

Ihiganwa rikaba rizoba ritunganijwe mu ntumbero yo guhimbaza umunsi wahariwe amakomine kw’ igenekerezo rya 08 Myandagaro, uwo musi ukaba uhimbazwa uko umwaka utashe.

AKARANGA Cyclisme ni umwe mu migwi yo gusiganwa ku makinga umaze kuramura abatari bake mu bijanye nurwo rukino nk’ishirahamwe ryo gusiganwa ku makinga na cane cane umugwi nserukiragihugu wo gusiganwa ku makinga ukaba amaze kuramura abakinyi batari bake.
Mwomenya ko n’icegera c’uwurongoye ishirahamwe ryo gusiganwa ku makinga hano mu Burundi umushingantahe Félix yamuka muri uwo murwi nyene wo muri komine Gihanga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 548