HealthkirundiWorld News

#health|Ikiza Corona Virus coba kigiye kuranduranwa n’imizi?

Haraheze iminsi ikigo Pfizer na BioNtech c’ubudagi na Amerika gitanguye gukoresha incanco cakoze zikingira ikiza Corona Virus.


Margaret Keenan akaba ari umukecuru w’umwongerezakazi w’imyaka 90 yabaye uwambere kuronswa urwo rucanco rwambere.

Urucanco Pfizer/BioNtech rukaba ari urucanco rwemejwe ko rukingira Corona Virus ku bice 95% n’urwego rugenzura ivy’amagara y’abantu.

Amashirahamwe y’agateka ka zina muntu yo akaba ariko aragabisha ko ibihugu bitunze bishobora kuba biriko birigungirako izo ncanco.

Ariko nubwo bimeze uko , ayo mashirahamwe yongera atanga icizere ko ikigo ca AstraZeneca c’i Oxford mu Bwongereza kirindiriye ko urucanco rwaco rwemezwa ,kizorutanga ku bihugu bikenye.

Ibihugu vya Afurika navyo bikaba vyiteguriye kwakira izo ncanco aho ikigo OMS gihamagarira ivyo bihugu kuzokorana neza n’ababijejwe mu ntumbero yo kuzorangura neza ico gikorwa ,congera cibutsa ko kwikingira ico kiza bibandanya .

Mwomenya vuba ko izindi ncanco zishobora gutangura gutangwa nk’urucanco “Sputnik V ” rw’uburusiya rukiriko rurageragezwa na “Moderna” rwa America rurindiriye kwemezwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 460