Burundihomepagekirundisecuritysociete

Hoba hari impunzi z’abarundi zishobora kwankirwa gutaha?

Zimwe mu ntambamyi zishobora gutuma abarundi babarizwa mw’ikambi y’impunzi ya Mahama mu Rwanda badataha ngo harimwo amadeni bafise. Ivyo n’ibishikirizwa na bamwe mu barundi b’impunzi babarizwa muri iyo kambi yakiriye abarenga 50,000.

Ayo madeni avurwa akaba ari nk’amadeni bafise mu mashirahamwe amwe n’ayandi baba bahawemwo amadeni, amadeni yo mu ma boutique n’ayandi atandukanye baba bafise hirya no hino.

Amakuru dukesha SOS MEDIA Burundi avuga ko ico kibazo ngo kizwi na HCR, kuko hariho umugwi washinzwe ujejwe kwiga kuri ico kibazo, kuko ata kintu na kimwe gitegerezwa kuzibira impunzi yipfuza gutahuka.

Ivyo bikaba biriko bivugwa mu gihe muri izo mpunzi hari izariko zibwirwa ko zishobora gusubiza amafaranga zarihiwe amashure ya kamenuza zaheruka kwiga zifashijwe n’imwe mu mashirahamwe afasha impunzi.

Aha mukamenya ko kugira bagushire ku rutonde rw’impunzi zihunguka, uvyisabira. Uno musi wa kane umugwi wa mbere ugizwe n’impunzi z’abarundi ziri hagati ya 400 n’500 ubarizwa ku butaka bw’Uburundi baturutse muri iyo kambi nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765