BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsmusic

Hosy Irakoze yabaye Rihanna wa hano iwacu 

Mu misi iheze hashizwe ahabona ama foto y’umuririmvyikazi Rihanna yibungenze, aho abantu batari bake bayahanahanye, ama foto arakundwa bikomeye gushikaho bamwe batangura kwibaza igikomeye uwo mwigeme yoba yakoze.

 

Ivyo nyene nivyo vyaraye bibaye ku mumenyeshamakuru Hosy irakoze aho yashira ahabona amashusho yiwe arikumwe n’umukunzi wiwe Dj Brown wo muri Runtown Dj aho yari yibungenze. Ayo mashusho akaba yakunzwe n’abatari bake, baranayasangizanya.

Ayo mashusho akaba aje inyuma y’imisi mike yibarutse, nkuko amakuru dukesha bamwe mu bamwegereye abishikiriza, ariko kandi akaba ashizwe ahabona inyuma yaho havugiwe amajambo menshi hanavugwa ko yoba yibungenze, ariko we araruca ararumira yanka kugira ico abishikirijeko.

Mwomenya ko ivy’urukundo rwa Hosy n’umukunzi wiwe navyo vyigeze kuvugwa cane, hanavugwa ko boba bahebanye kuko ata ma foto yabo yaragize igihe ariko araboneka, ikitarico kuko bagumye baboneka barikumwe ariko amashusho yabo adasangizwa ku mbuga ngurukanabumenyi bakoresha nka kera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 744