BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Hosy Irakoze yatanzwe nka Cadeau

Hosy Irakoze yarengewe, ngo yahora Azi ko akundwa, ariko ntiyarazi ko akundwa mu buryo bungana nk’ubwo yaraye abonye.

Uwo mumenyeshamakuru akorera ku Mboneshakure Siren Vibe, yasangije abamukurikirana ku rubuga rwa Instagram, ishusho ryiwe na couple y’umufana wiwe Aho yashizeko ubutumwa bukomeye.

Muri ubwo butumwa, Hosy avuga ko afise umufana amukunda cane. Kuri Annif ya couple y’uwo mufana wiwe, ngo umu Boyfriend w’uwo mufana gift yamuhaye n’ukubona Hosy Irakoze, kuko Atari bwamubone Amaso mu yandi, hamwe no kumugurira umupira wa Siren vibe.

Hosy yanditse kuri Instagram agira Ati:” Jewe abantu barankunda, ariko sometimes birandenga. Imagine kuri annif ya Couple yanyu, umukunzi wawe ukamuha cadeau yo kumbona kubera ukuntu aguma avuga ko ankunda. Ugaca unamugurira Tshirts ya Siren Nyene? Imana yonyene impezagirire abantu banje.”

Uwo mumenyeshamakuru muri Video nayo yasangije abamukurikirana, yanditse ko ngo umusore yagiriye Surprise umukunzi wiwe ngo yabwiye Hosy ko uwo mukobwa atari burire kuko ngo ivyo kurira Atari ivyiwe, ariko amaze kumubona ngo yarize n’ayo kwarika.

Hosy Irakoze muri ubwo butumwa nyene ntiyaretse kugira ico abasabira, Aho yasavye ko iyo Couple bobandanya bakundana cane.

Hosy akaba Ari umwe mu bamenyeshamakuru b’abagore bakiri bato, Kandi bakorera ku Mbuga ngurukanabumenyi bakundwa cane hano iwacu.

Tubwire nawe ngaho muri commentaire umuntu ufana cane wokwipfuza ko baguha gift yo kubona imbona nkubone.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775