Entertainmenthomepagekirundi

I Kigali batanguye kwambara udufukamunwa turiko idarapo ry’Uburundi

Mu gihe bimwe mu bisabwa kugira umuntu yirinde ikiza ca Corona Virus ari ukwambara agafukamunwa, utwo dukoresho dukoreshwa kwa muganga abanyagihugu batari bake ntibabasha kutwigurira kuko dukoreshwa umwanya muto.

Kugira bikunde umuntu yirinde ico kiza hahavuye hatorwa ko umuntu yokoresha agafukamunwa gakozwe mu mpuzu, ivyo abanyamideri batari bake baba batanguye gukora udutandukanye.

Guhera ku musi w’ejo igenekerezo rya 20 Rusama hatanguye kuboneka I Kigali, udufiseko idarapo ry’igihugu c’Uburundi. Utwo tukaba twatanguye kuboneka twambawe na bamwe mu Burundi basanzwe baba muri ico gihugu. Muribo twovuga nka Kiki toure co kimwe na R-Flow bose babarizwa mu gisagara ca Kigali.


Utwo dufukamunwa tukaba twabonetse mu gihe Abarundi  bari baramutse bazindukira ku matora y’ukwitorera indongozi zizobaja imbere mu myaka 7 hamwe ni 5 iri imbere.Mwomenya ko mu gihugu kibanyi c’Urwanda utwo dufukamunwa tutarekuriwe gukora uwariwe wese, ariko hari amashirahamwe ashika kuri 30 amaze kwemererwa gukora utwo dufukamunwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769